Librito Kirundi Full Flashcards
Bonjour
Mwaramutse!
Bonsoir!
Mwiriwe!
Salut!
Yambu!
Comment allez-vous ?
Murivyura? Muraho? Muragumye? Muradundega?
Comment vas-tu?
Urivyura? Uraho? Urakomeye? Uradundega?
Comment ça va?
Amakuru maki?
Très bien, merci, et vous?
Ni meza cane, namwe?
Ça va, et toi?
Ni meza, nawe ?
Ça va ?
Bite?
Pas mal
Si nabi
Ça va bien, merci
Ni impore, murakoze
Je vais bien, merci
Ndakomeye, murakoze
Je vais très bien
Ndishohora rwose
Nous allons très bien
Turisohora
Super bien!
Ni vyiza cane!
Je vais mieux maintenant
Ubu merewe neza
ça va mieux maintenant
Ubu ni mitende
Tout va bien
Vyose bigenda neza
Tout va mal
Vyose bigenda nabi
Je vais mal
Merewe nabi
On fait aller
Turacumbagiza
Comme-ci comme ça
Vya nabinabi
Comment vous appelez-vous?
Mwitwa ngwiki?
Comment t’appelles-tu?
Witwa nde?
Je m’appelle Laura
Nitwa Laura
Je me nomme Laura
Nitwa Laura
Au revoir
Turabonanye! Bayi!
Adieu
Ni agasaga!
A tout à l’heure!
Turasubira!
A plus tard/à la prochaine
Tuzosubira! Ni aho ubutaha!
A bientôt
Ni aho ubutaha!
A demain
Nah’ejo!
A la semaine prochaine!
Ni aho mu ndwi iza!
A lundi!
Ni aho ku wa mbere!
A ce soir!
Ni aho nimugoroba!
A la prochaine!
Ni aho ubutaha!
Merci beaucoup
Urakoze cane!
Il n’y a pas de quoi
Ntaco nkoze
Bien merci
Urakenuye cane
Merci bien
Urakenuye
Merci
Urakoze
Je vous en prie
Korerwa
Je vous en remercie
Ndabakengurukiye/Ndabashimiye
De rien
Ntaco nkoze
Je vous en prie!
Korerwa!
Soyez le bienvenu!
Kaze murisanze!
Svp
Ndabisavye
Stp
Ndagusavye
Oui
Ego, Egome
D’accord
Turumvikanye
Bien sûr
Ego koko!
Mais oui!
Ego koko!
Non
Oya, oyaye
Non merci
Oya, murakoze
Non et non
Oya, oya!
Oui et non
Ego kandi oya
Ah oui?
Vy’ukuri?
Ah bon?
Uko ni ko biri?
Bonne soirée
Umugoroba mwiza
Bonne nuit
Ijoro ryiza
Bon anniversaire!
Umusi mukuru w’ukuvuka mwiza
Joyeux Noël
Noheri nziza
Bonne année!
Umwaka mwiza!
Bonne chance!
Urererwa, uragira amahirwe!
Bon courage!
Komera ku muheto!
Bon voyage! Bonne route
Urugendo mwiza
Amusez vous bien!
Nimwisanzure!
Bon rétablissement
Imisuhuko
Bon appétit
Akayabagu
Bonnes vacances!
Uburuhuko bwiza!
Meilleurs voeux
Ndakwipfurije umwaka mwiza
Félicitations!
Kezwa! Urabinsangwa!
Très bien
Neza cane
Assez bien
Bukebuke, buhoro buhoro
Fates de beaux rêves!
Murote Imana!
Je pense que oui
Ndavyibaza
Je pense que non
Sindavyibaza
Excusez moi
Murantunga/Murambabarira
Pardon, madame (pour avoir la parole)
Ndasavye ijambo, Mupfasoni
Pardon, monsieur (pour avoir la parole)
Ndasavye ijambo Mushingantahe
Oh, pardon!
Oh, mbabarira!
Je regrette…
Birambabaje…
Je suis désolée
Birambabaje
Parce que
Kuko, kubera ko
A cause de
Kubera, bivuye ku…
Je ne sais pas
Sinzi, ntavyo nzi
Il n’y a pas de problème!
Nta ngorane
Moi
Jewe
Toi
Wewe
Voici
Ngiki
Voilà
Ngikirya
Ici
Hano, aha
Là-bas
Harya
Pourquoi?
Kuki, kubera iki?
Pourquoi pas?
Bibuzwa n’iki?
C’est moi
Ni jewe
C’est à moi
Ni iciwanje
Mais
Ariko, mugabo
Maintenant
Ubu
Beaucoup de
Ibintu vyinshi
Toi-même
Wewe nyene
Moi-même
Jewe nyene
Ce n’est rien
Ntaco bimaze
Ce n’est pas ça
Si ivyo
C’est ça
Ni ivyo
C’est vrai
N’ukuri
Ce n’est pas vrai
Si vyo, si ukuri
Pas vraiment
Si vy’ukuri
C’est faux
Si vyo
C’est juste
Ni ukuri, ni vyo
Ce n’est pas possible
Ntibishoboka
C’est possible/Il est possible
Birashoboka
Viens ici
Ngo hano
Peu à peu/Petit à petit
Bukebuke, buhoro buhoro
Un petit peu
Gato, buke
Un peu d’eau
Amazi make
Je pars
Ndagiye
Je m’en vais
Ndigiriye
C’est tout
Nta kindi
Tous les jours
Imisi yose
A tout jamais
Ibihe vyose, mahera
Pour toujours
Ibihe vyose
En tout cas
Uko biri kose
De toute façon
Uko biri kose
Tout autour
Hirya no hino/Ahazungurutse
Tout le monde
Bose
Toute de suite
Ubu nyene/ buno nyene
Tout le temps
Umwanya wose
Toujours
Igihe cose, imisi yose
Tous les soirs
Imigoroba yose
Pas du tout
Haba namba, haba n’intete, nta namba
Rien du tout
Nta na kimwe
Presque toujours
Hafi imisi yose, hafi igihe cose
Tout le monde le sait
Bose barabizi
Tous les enfants
Abana bose
Tous les deux
Bompi
Tout à fait
Uko nyene
Tout à coup/ tout d’un coup
Giturumbuka/ bukwi na bukwi
Tout est prêt
Vyose birateguye
Comme toujours
Nk’uko bisanzwe
Pas encore
Ntibirakunda/ Ntibirashoboka
Il y a
Hariho
Il y avait
Hariho
Il y a eu
Harabaye
Il y aura
Hazobaho
Il y aurait
Hobayeho
Il y a beaucoup de
Hariho ibintu vyinshi
Ma famille
Umuryango wanje
Mon ami(e)
Umugenzi wanje / Umukunzi wanje
Ma mère
Mawe
Mon père
Dawe
Ma soeur
Mushikanje
Mon frère
Mwenewacu
Ma classe
Ikirasi canje
Mon professeur
Umwigisha wanje
Mes amis
Abagenzi banje / abakunzi banje
Petit ami
Umugenzi wanje w’umuhungu
Petite amie
Umugenzi wanje w’umukobwa
Petit nom
Izina
Prénom
Amatazirano
Nom de famille
Izina ry’umuryango
De bons copains
Abagenzi beza
Son petit copain
Umugenzi wiwe w’umuhungu
J’ai faim
Ndashonje
J’ai soif
Ndanyotewe
J’ai froid
Ndakanye
A droite
Iburyo
A gauche
Ibubamfu / Ibumoso
Je comprends
Ndatahura
Je ne comprends pas
Sintahura
Le lendemain
Umusi ukurikira
Le matin
Mu gatondo
C’est difficile
Biragoye
Ce n’est pas difficile
Ntibigoye
C’est facile
Biroroshe
Je suis ici
Ndi hano
Comme-ci
Nk’uku
Comme ça
Nk’uko
Je suis en retard
Nacerewe
Aujourd’hui
Uyu musi
Demain
Ejo
Hier
Ejo hahise
Avant-hier
Hirya y’ejo hahise, ejo bundi
La semaine d’avant
Mu ndwi yahera
La semaine prochaine
Mu ndwi iza
La semaine dernière
Mu ndwi iheze
Le mois prochain
Ukwezi kuza
Le mois dernier
Ukwezi guheze
La fin de semaine
Impera y’indwi
Pendant le week-end
Mu mpera z’indwi
Le dimanche
Ku w’iyinga, ku wamungu, ku w’Imana
Après-demain
Hirya y’ejo haza
Aujourd’hui ou demain
Uyu musi canke ejo
Nous sommes lundi aujourd’hui
Uyu musi turi ku wa mbere
Ce lundi
Kur’uyu wa mbere
Lundi qui vient
Ku wa mbere uza
Jamais
Namba
Oui, je le sais
Egome, ndabizi
Ici et là
Aha na hariya
Un ou plusieurs
Kimwe canke vyinshi
Plus ou moins
N’imiburiburi
Ecoutez bien
Umviriza neza
Ne parlez pas
Ntuvuge
Tiens!
Akira, fata
Un pain
Umukate
Tableau noir
Ikibaho
Tiens, tiens!
Ndabira, ndabira!
Tasse de thé
Igikombe k’icayi
Tôt au tard
Bitebe bitebuke
C’est ennuyeux!
Birababaje!
Voulez-vous?
Murashaka
ça fait combien?
Ni bingahe, ni angahe?
Quel jour sommes-nous?
Turi ku wa kangahe?
Où en étais-je?
Nari ngeze he?
Qu’est-ce que…?
Ni iki…?
Est-ce que?
Mbega…?
N’est-ce pas?
Si vyo, si ko?
Quel âge as-tu?
Ufise imyaka ingahe?
Quel âge avez-vous?
Mufise imyaka ingahe?
J’ai trente ans
Mfise imyaka mirongo itatu
C’est à qui?
Ni ica nde?
A qui le tour?
Ni nde akurikira?
Où vas-tu?
Uroye he? Ugiye he?
A quelle heure?
Isaha zingahe?
Il est une heure
Ni isaha indwi z’ijoro
Quand ça?
Ivyo vyabaye/ bizoba ryari?
Où ça?
Hehe? Aho ni hehe?
Qui ça?
Inde? Ni nde?
A qui parlais-tu?
Wariko uvugana na nde?
De qui parles-tu?
Uriko uvuga nde?
On y va?
Tugende?
Savez-vous conduire?
Urazi kugendesha umuduga?
Où étais-tu?
Wari he?
Que fais-tu ce soir?
Ukora iki kur’uno mugoroba?
Etes-vous libre ce soir?
Nta gikorwa ufise kur’uno mugoroba?
Jusqu’à quand?
Gushika ryari?
Comment dirais-je?
Novuga nte? Mvuge nte?
Puis-je entrer?
Ndashobora kwinjira?
Qui est-ce?
Ni nde?
D’où viens-tu?
Uva he? Uturuka he?
Qu’est-ce que tu dis?
Uvuze ngo iki? Ugize ngo iki?
Qu’est-ce que vous avez dit?
Mwavuze ngo iki? Mwagize ngo iki?
Qu’est-ce que vous voulez dire?
Mushatse kuvuga iki? Bisigura iki? Bivuga iki?
Qu’est-ce que ça veut dire?
Ni ibiki? Hari ingorane
Que se passe-t-il?
Nyabaki?
Qu’est-ce que c’est?
Ico ni igiki?
Qu’est-ce que tu veux?
Ushaka iki?
Qu’est-ce que vous voulez?
Mushaka iki?
Que fais-tu?
Uriko ukora iki?
Qu’est-ce que tu fais?
Ukora iki?
Combien est-ce?
Aho ni angahe?
Combien ça coûte?
Ni angahe?
Combien coûte-t-il?
Ico ni angahe?
Puis-je vous aider?
Ndashobora kubafasha?
Que désirez-vous?
Mwipfuza iki?
Et moi alors?
Hanyuma nanje?
Et après quoi?
Hanyuma ivyo biheze?
Et alors?
None rero?
Et ensuite?
Hanyuma?
Qu’est-ce que tu as?
Ufise ingorane nyabaki?
Qui est là?
Ni nde ari aho?
C’est par là?
Ni harya?
Est-ce loin?
Ni kure?
Que fait-il maintenant?
Ariko akora iki ubu?
Quand est-ce que tu pars?/ Tu pars quand?
Uza kugenda ryari?
Qui d’autre?
Ni nde wundi
Quoi d’autre?
Ni iki kindi?
ça ira comme ça?
Aha ni neza? Uku ni neza?
Combien de fois?
Incuro zingahe? Kangahe?
Combien sont-ils?
Ni bangahe?
C’est bien compris?
Birumvikana? Biratahuritse?
Qu’est-ce que c’est ça?
Ico ni igiki?
Que fait-il maintenant?
Ariko akora iki ubu?
Comment dit-on ça en français?
Ibi bivugwa gute mu Gifaransa?
Quelle heure est-il?
Ni isaha zingahe? Ni igihe ki?
Quelle heure est-il à votre montre?
Ni igihe ki kw’isaha yawe?
Est-ce que je te manque?
Mbega urankumbuye?
Est-ce qu’on s’occupe de vous?
Mbega barabitaho?
Est-ce que je peux entrer?
Mbega ndashobora kwinjira?
Et avec ça?
Ico na co
Quelque chose d’autre?
Nta kindi?
Qu’est-ce qui se passe?
Ni ibiki biriko biraba?
Que prenez-vous?
Mufata iki?
Vous savez l’heure?
Murazi umwanya?
Etes-vous français?
Uri umufaransa?
Bonjour madame. Vous désirez quoi?
Mwaramutse Mupfasoni. Mwipfuza iki?
Que pensez-vous de cela?
Ivyo muvyibazako iki?
Vous avez de la place?
Murafise ikibanza?
Comment se traduit ce mot en français?
Iri jambo risobanurwa rite mu Gifaransa?
Où sont les toilettes?
Imisarani iri hehe?
Quel est le loyer?
Gukota ni angahe?
Quelle est votre couleur préférée?
Ibara ukunda ni irihe?
Que puis-je faire?
Nokora iki?
Pourriez-vous m’aider?
Murashobora kumfasha?
Où se trouve ton bureau?
Ibiro vyawe biri hehe?
D’où vient cela?
Ivyo biva hehe?
Où se trouve le magasin?
Iduka riri hehe?
Quel temps fait-il?
Ibihe bimeze bite?
Que veut dire ce mot?
Iri jambo risigura iki?
De quelle couleur est ta robe?
Ikanzu yawe isa ite?
Prenez-vous du sucre?
Uranywa isukari?
Vous permettez que je fume?
Ndashobora kunywa itabi?
Pensez-vous qu’il viendra?
Muribaza ko azoza?
Le patron est là?
Databuja ni ho ari?
Pourrais-je vous parler?
Turashobora kuvugana?
Peut-il venir?
Urashobora kuza?
Comment est-ce que ça se prononce?
Kivugwa gute?
Ne peut-il pas venir?
Mbega ntashobora kuza?
Est-ce que vous prendrez du café?
Murafata agahawa?
Comment je fais?
Nkora nte?
Est-ce que ça prendra du temps?
Mbega biraza gufata umwanya?
Qui parle français?
Ni nde avuga igifaransa?
Y vas-tu?
Urajayo?
Qui est à l’appareil?
Ni nde tuvugana? (kuri terefone)
Qu’est-ce que vous allez faire?
Muza gukora iki?
Quels sont vos projets?
Imigambi yanyu ni iyihe
Est-ce que je peux téléphoner?
Mbega ndashobora guterefona?
Qu’est-ce que vous aimez le plus?
Ico mukunda kurusha ibindi ni ikihe?
Qu’en pensez-vous?
Muvyibazako iki?
Est-ce que c’est vrai?
Mbega ni ukuri?
Comment ça s’écrit?
Vyandikwa gute?
C’est pour quand?
Ni ivya ryari?
ça date de quand?
Vyabaye ryari? Bimaze igihe kingana gite?
En quoi puis-je vous aider?
Ndabafashe mu biki?
Qui manque?
Ni nde abuze?
Quoi encore?
Iki kandi?
A quoi bon?
Bimaze iki?
Qui l’a vu?
Ni nde yamubonye?
Es-tu prêt à partir?
Uriteguriye kugenda?
Quelles nouvelles?
Amakuru?
Et puis quoi?
Hanyuma iki?
Voulez-vous boire quelque chose ?
Muragomba ico kunywa?
Voulez-vous manger quelque chose?
Muragomba ico gufungura?
De quoi s’agit-il?
Ni ibiki?
A qui le tour?
Ni nde ashikiriwe?
C’est à vous?
Ni iciwawe? Niwe ushikiriwe?
Qu’est-ce qui est arrivé?
Ni igiki cashitse?
Qu’est-ce qui arrive
Ni igiki kiriko kiraba?
Qu’est-ce que vous avez?
Mufise iki? / Mufise ingorane nyabaki?
Où demeurez-vous?
Muba he?
Que voulez-vous
Mushaka iki?
A quoi rêves-tu?
Indoto zawe ni nyabaki?
Est-ce que vous aimez les frites?
Murakunda amafiriti?
Qu’est-ce qui s’est passé?
Ni igiki cabaye?
Quel est votre dernier prix?
Igiciro cawe ca nyuma ni angahe?
Qui sait?
Ni nde abizi?
C’est pressé?
Birihutirwa?
Tu es libre dimanche?
Urafise umwanya ku w’iyinga?
Vous m’entendez?
Muranyumva?
Que signifie ce mot?
Iri jambo risobanura iki?
Peux-tu me prêter ton stylo?
Urashobora kuntiza ikaramu yawe?
Est-ce qu’on s’occupe de vous?
Mbega barabitaho
Qu’est-ce que vous préférez?
Mwipfuza iki?
Avec ou sans sucre?
N’isukari canke atayirimwo?
Pas de sucre, merci
Nta sukari, murakenuye!
Et toi?
Nawe?
Je ne vous entends pas
Sindabumva
Les gosses
Abana
Il y a eu un accident
Habayeho isanganya
Il n’est pas possible
Ntibishoboka
Ce n’est pas possible
Ntibishoboka
Je me souviens
Ndibuka
Je m’en souviens
Ndavyibuka
Je ne me souviens pas
Sinibuka
Je m’en moque
Ndabitwenga
Je m’en fiche
Sindabinezwe
J’en ai marre
Ndabihaze
ça ne fait rien
Ntaco bitwaye
Il est mon fils
Ni umuhungu wanje
Allons-y!
Tujeko!
Vas-y!
Jako!
Aller en France
Kuja mu Bufaransa
Va t’en!
Ja hiyo!
Apporte le moi
Kinzanire
Lève-toi
Haguruka
Levez-vous
Haguruke
Dépêche-toi!
Ihute! Nyaruka!
Dépêchons-nous!
Tunyaruke! Twihute!
Assieds-toi!
Icara! Vyagira!
Asseyez-vous!
Nimwicare! Nimyvyagire!
Tais-toi!
Numa! Hora!
Taisez-vous!
Nimunume! Nimuhore!
Je vois!
Ndabibonye!
Entrez!
Injire!
ça ira
Biragenda neza
De bonne heure
Kare
Avant l’heure/Plus tôt
Kare
C’est-à-dire
Ni ukuvuga
Quelque chose
Ikintu kanaka
Quelque fois
Rimwerimwe
Petit déjeuner
Akavunamusase
Je t’embrasse
Ndakugumbiriye
Faites vite!
Nyarutse! Gire n’ingoga!
Aide-moi!
Mfasha!
Nuit et jour
Ijoro n’umurango
Cette nuit
Iri joro
Laisse-dire!
Reka bavuge!
Avec plaisir
N’akanyamuneza
Je suis pressé
Ndihuta
Pense à moi
Uranyibuka
Que Dieu vous bénisse
Imana Ibahezagire
Ah, la vache!
oooh, inka
C’est arrivé hier
Vyabaye ejo
Dire adieu à…
Gusezera…
Pas beaucoup!
Atari vyinshi!
ça y est!
Ni ivyo! Ngaho rero!
Attendez un peu
Rindire gato
Attendez un instant
Hinge gato!
Ma chère!
Mukunzi wanje!
L’autre jour
Ejo bundi
Il est en classe
Ari mw’ishure
A l’âge de 18 ans
Ku myaka 18
A son âge
Ku myaka yiwe
Par ici
Hano
Par là
Harya
Vous voilà!
Ndababonye! Niho muri!
Je m’ennuie
Birandambiye!
Quel dommage!
Ni akamaramaza
A côté de…
Hampande ya…
Peut-être
Kumbure
Je ne parle pas Kirundi
Simvuga ikirundi
Je ne parle pas anglais
Simvuga Icongereza
Il est là-bas
Ari hariya
C’est là-bas
Ni hariya
Je suis fatiguée
Ndarushe
Chaque soir
Buri mugoroba
Hier soir
Ejo ni mugoroba
Demain soir
Ejo ku mugoroba
La veille au soir
Hirya y’ejo nimugoroba
Sans hésitation
Ata makenga
24 heures sur 24
Amasaha 24 kuri 24
Le mois de mai
Ukwezi kwa Rusama
En Mai
Muri Rusama
Au mois de Mai
Muri Rusama
Pendant le mois de Mai
Muri Rusama
Vers fin mai
Amaja mu mpera za Rusama
Son père et sa mère
Se na nyina
Savez-vous l’heure?
Urazi aho igihe kigeze?
Il est dix heures
Ni isaha zine
Il est dix heures vingt
Ni isaha zine na mirongo ibiri
Il est dix heures moins dix
Ni isaha zine zibura cumi
Il est dix heures et demie
Ni isaha zine n’inusu
Il est dix heures du matin
Ni isaha zine z’agatondo
Il est dix heures du soir
Ni isaha zine z’ijoro
… à dix heures
… isaha zine
… à dix heures juste
… isaha zine zuzuye neza
Demain à la première heure
Ejo kw’isaha ya mbere
C’est l’heure/ Il est temps
Harageze
C’est l’heure d’aller au lit
Harageze kuja kuryama
Il est minuit heure locale
Ni isaha zitandaty z’igicugu kw’isaha ya hano
Loin d’ici
Kure ya hano
Près d’ici
Hafi ya hano
Exact!
Uko nyene!
Je vous prie de m’excuser
Ndabasavye mumbabarire
Dis bonjour à Matty de ma part
Urandamukiriza Matty
Derrick t’embrasse
Derrick arakugumbiriye/ araguhobereye
Excusez-moi de vous déranger
Mbabarira kuba nabasamaje
Grâce à…
Ku bwa…
Voilà pourquoi…
Ngico igituma…
A mon avis…
Uko jewe ndabibona…
Selon moi…
Ku bwanje…
Vous avez raison
Ni vyo/ ni ukuri
Je suis certain que…
Sinkekeranya ko…
Je suis sûr que…
Ndemeza ko…
ça dépend
Bivana
Il est dommage que…
Birababaje ko…
Faites comme vous voulez!
Nimukore uko mushaka
Allez-y!
Jeko!
C’est interdit!
Birabujijwe
Il est interdit de fumer
Birabujijwe kunywa itabi
Je te défends de fumer
Ndakubujije kunywa itabi!
Défense d’entrer
Birabujijwe kwinjira aha!
Il est mort hier
Yapfuye ejo
Il est obligatoire
Ni ngombwa/ Ni itegeko
C’est une très bonne chose
Ni ikintu ciza cane
Quelle bonne idée!
Mbega iciyumviro ciza
Elle est déjà partie
Yamaze kugenda
Il était une fois
Harabaye
C’est formidable
Ni vyiza cane!
Pour le moment
Kur’uno mwanya
Par moments
Mu bihe
Ne partez pas
Ntimugende
J’étais fatiguée
Nari ndushe
Il est tout pour moi
We ni vyosi kuri jewe
Nous sommes le 10 avril
Turi ku wa 10 Ndamukiza
On était en juillet
Twari muri Mukakaro
C’était en juillet
Hari muri Mukakaro
Je vous présente mon amie
Hinge ndakwereke umugenzi wanje
En été
Mu ci
Mois d’été
Ukwezi kwo mu ci
ça ne m’étonne pas
Ntibintangaje
je m’étonne que …
Ndatanganye ko…
Le ciel est bleu
Ijuru risa n’uburubu
J’ai mal à l’estomac
Ndiko ndaribwa mu nda
Deux et deux font quatre
Kabiri kabiri bingane bine
Monter à l’étage
Kuduga mu nzu yo hejuru
ça suffit
Birahagije, birakwiye
ça me suffit
Birampagije, birankwije
cela suffit!
Ivyo birakwije, ivyo birahagije!
suffit!
Birakwije! Geza aho!
Il n’y a personne
Ntawuhari, nta muntu ahari
J’ai envie d’une mangue
Numva nshaka kurya umwembe
C’est à 50km environ d’ici
Ni nko ku bilometero 50 uvuye hano
Il était environ une heure
Hari nk’isaha imwe
Entre-temps
Mukurindira
Par écrit
Bice mu nyandiko
3 plus 3 égalent 6
3 guteranya 3 bingana 6
C’est gentil à toi de…
Wagize neza cane ku…
Gagner sa vie
Kuronka ubuzima/gukira
Enchanté de vous connaître
Ndahimbawe kukumenya
Eau du robinet
Amazi ya rusengo
Eclater en sanglots
Guturikisha n’amarira
Il gagne bien
Arunguka neza
Etre de garde
Kuba ku gikorwa ujejwe
Garde du corps
Uwukingira ubuzima
Dieu vous garde
Imana Ibazigame
Garder le lit
Kuguma mu gitanda/
Dis-moi mon gars
Mbarira sha! Mbarira di!
De la gauche vers la droite
Kuva ibubamfu uja iburyo
ça a bon goût
Biraryoshe/ Bifise akanovera keza
ça a un drôle de goût
Bifise akanovera kameze ukuntu
Goûtez-y!
Honja!
Goutte d’eau
Ima ry’amazi
A la grâce de Dieu!
Biri mu biganza vy’Imana!
C’est délicieux
Biraryoshe cane
Quand je serai grand
Ninakura
A ma grande surprise
Icantangaje
Il n’y a rien de grave
Nta ngorane zikomeye ziriho
Bon gré malgré
Uvyanka uvyemera
Etre en grève
Guhagarika imirimo. Kuba muri yegereyegere
Guide de voyage
Indongozi mu rugendo
Rendez-moi mon livre
Nsubize igitabu canje
J’en ai besoin
Ndagikeneye
Par mer
Mu kiyaga/Mu mazi
Je t’en donne 1000F
Ndaguhaye igihumbi (kur’ico kintu)
En face de…
Imbere ya…
Face à face
Imbonankubone/ Amaso mu yandi
C’est facile à dire
Biroroshe kuvuga
Payer la facture
Kuriha fagitire
Il est faible en Kirundi
Ikirundi kiramugora
Je n’ai rien à faire
Nta co mfise nkora
Fatigué de la vie
Aruhijwe n’ukubaho/ Aruhijwe n’ubuzima
Il faut que je parte!
Bisaba ko ngenda
Par erreur
Ku bwo kwihenda
Je nage bien
Noga neza
Je fais beaucoup de vélo
Ndagendesha ikinga cane
Jouer du piano
Kuvuga inanga/ Kuvuga piyano
Jouer de la guitare
Kuvuza igitari
Jouer au football
Gukina umupira w’amaguru
Jouer au football
Gukina umupira w’amaguru
jouer au golf
Gukina golf
jouer au golf
Gukina golf
Faire du vélo
Kugendesha/gutwara ikinga
Faire du ski
Guserereka
Faire du ski
Guserereka
je sais jouer au piano
Ndazi kuvuza inanga/piyano
Elle sait nager
Arazi koga
J’aime bien jouer au football
Ndakunda cane gukina umupira w’amaguru
Faites comme chez vous
Mwiyumve nk’i muhira
Il fait nuit
Burije
Il fait bon vivre ici
Biraryoshe kuba hano
De ce fait
Kubw’ivyo
En fait
Mu bisanzwe
Le fait est que
Uko bimeze n’uko
Il faut voir!
Bisaba kuraba!
Je commence à fatiguer
Ndatanguye kuruha
Une faute de frappe
Ikosa ry’inyandiko
Faute grave
Ikosa rihambaye
C’est la femme de sa vie
Ni we mugore wiwe wo mu bucance
La porte est fermée à clé
Urugi rurugaye n’urufunguruzo
Donner une fête
Gutanga amazimano/Kugirira (abantu) umusi mukuru
Ces jours-ci
Mur’ino misi
Cette fois-ci
Kino gihe/ Ubu
Cette fois-là
Kirya gihe
Plusieurs fois
Incuro nyinshi
Une fois par an
Rimwe mu mwaka
Pour une fois
Ku bwa rimwe
En une fois
Muri rimwe/Icarimwe
Une fois pour toutes
Rimwe rizima
Des fois
Rimwerimwe
Des fois que
Mu gihe…
A la fois
Icarimwe
ça ne fonctionne pas
Ntigikora
Parlez plus fort!
Vuga cane!
Fort bien! Excellent!
Neza cane!
Frais de scolarité
Amahera y’ishure
Les français
Abafaransa
Frapper à la porte
Kudodora
Frappez avant d’entrer
Kudodora imbere yo kwinjira
Futur mari
Umukwe
Les futurs époux
Umukwe n’umugeni
Bien habillé
Yambaye neza
Mal habillé
Yambaye nabi
Habiter à la campagne
Kuba mu gihugu hagati
Habiter en ville
Kuba mu gisagara
Habiter chez des amis
Kubana n’abagenzi
Comme d’habitude
Nk’uko bisanzwe
Par hasard
Kubw’igihamana
Au hasard
Ucacishije, ku gihamana
C’est génial
Ni vyiza cane rwose
Pour votre information
Kugira mumenyeshwe
Ne t’inquiète pas
Ntubabare
Attendez un instant!
Rindira gato! Hinge gato!
Un instant svp
Ndasavye akanya gato
Jamais plus!
Ntibize bisubire na mba!
C’est maintenant ou jamais
Ni ubu canke n’aho bibe mahera
Jamais de la vie!
Nta na gato! Ntibishoboka!
Par jeu/Pour rire
Ku bw’ibitebu/ibinanga, ku bwo gutwenza
A ma grande joie
Bimpimbaye
Etre en rouge
Kwambara izitukura
Jouer avec le feu
Gukinisha umuriro
Deux fois par jour
Kabiri ku musi
Dès le premier jour
Uhereye ku musi wa mbere/ Kuva ku musi wa mbere
Etre à jour
Kuba ku gihe/ Kujana n’igihe
Jour et nuit
Ijoro n’umurango
Dans la vie de tous les jours
Mu buzima bwa misi yose
Un de ces jours
Umwe mur’iyi misi
Au jour le jour
Umusi ku musi
Jour après jour
Umusi inyuma y’uwundi
De jour en jour
Umusi n’uwundi
Du jour au lendemain
Uko bukeye uko bwije
Au petit jour
Mu gaturuturu/ Mu gasheshe
Entre nous
Hagati yacu
Entrons voir
Reka twinjire turabe
Entrer sans frapper
Kwinjira utadodoye
Les environs
Imicungararo
Il n’y a pas d’erreur
Nta kosa ririmwo
Aller ensemble
Kujana
Je ne suis pas encore prêt
Sinditegura
Je vais au marché
Ngiye kw’isoko
Je suis allé au marché
Naragiye kw’isoko
Je te cherche partout
Ndiko ndakurondera
Quand j’étais enfant
Nkiri umwana/ Igihe nari nkiri umwana
Ne faites pas l’enfant
Reka kwigira nk’umwana
Etre en ville
Kuba mu gisagara
Enfant unique
Umwana w’ikinege
C’est écrit en anglais
Vyanditse mu congereza
En soirée
Mu mugoroba
En semaine
Mu ndwi
En voiture
Mu muduga
En bateau
Mu bwato
En taxi
Mw’itagisi
En train
Mw’itereni
Par le train
N’itereni
En avion
Mu ndege
Aller à l’église
Kuja kw’isengero
Se marier à l’église
Kwabiranishwa mw’isengero
Etre sans electricité
Kuba ata muyagankuba mufise
Mal élevé
Yarezwe nabi
Ecrire au crayon
Kwandikisha ikereyo
Dans la journée
Ku murango
Pendant la journée
Ku murango
Vrais jumeaux
Amahasa asa
Faux jumeaux
Amahasa adasa
Jusqu’au moment où
Gushika igihe aho…
Jusqu’ici
Kugeza ubu/ Kugeza aha
Jusque là
Kugeza ubwo/Kugeza aho
J’en ai jusque là
Birandambiye!
J’en ai assez
Ndabihaze!
Jusqu’alors
Gushika ico gihe
Jusqu’à maintenant
Gushika ubu